Igisirikare ca Zimbabwe Kiragabisha Perezida Mugabe

Umukuru w’abasirikare muri Zimbabwe yaragabishije umugambwe wa Robert Mugabe, inyuma y’ibogozwa ry’icegera c’umukuru w’igihugu kandi agabisha ko mu gihe iyo ngendo yo kwirukana abanywanyi mu mugambwe itohagarara igisirikare gishobora gufata ingingo.

Constantino Chiwenga, yabishikirije mw’itangazo yashikirije abamenyeshamakuru kur’uyu wa mbere ku cicaro c’ibiro bikuru vya gisirikare muri Zimbabwe.

Emmerson Mnangagwa, uwo benshi bakeka ko yari gusubirira perezida Mugabe, yakuwe mu mabanga yiwe mu ndwi iheze, inyuma y’aho umutambukanyi wa Mugabe, Grace Mugabe abigizemwo uruhara.

Ikurwa ryiwe ryatumye haba icuka kibi mu mugambwe Zanu PF uri ku butegetsi kuva igihugu cikukira mu mwaka w’1980.

Iryo gabisha ry’umukuru w’igisirikare ribaye mu gihe Emmerson Mnangagwa, w’imyaka 75 y’amavuko ubu ari mu gihugu ca Afrika y’epfo aho yahungiye, kandi ashigikiwe n’abasirikare bakukurutse barwaniye intahe yo kwikukira kwa Zimbabwe, bafitaniye imigenderanire ya hafi cane n’abasirikare b’igihugu.

Source: VOA

LIRE  Rwanda: Ikibuga mpuzamahanga cya Golf kizuzura gitwaye miliyoni 90RWf